• Oct : 21 : 2016 - Miley Cyrus azwi cane nkumuririmvyi akunda kwambara impenereza yasavye abakunzi biwe ko bamukora kugitsina
  • Oct : 15 : 2016 - Kubera kutambara agahuzu kimbere ,vyatumye abakunzi ba Ashley Diva bibonera amabere yiwe bitabagoye na gato:amafoto
  • Oct : 14 : 2016 - Thaïlande ,umuganwa yakoze ibitari bwakogwe numuganwa numwe kuva isi yabaho:amafoto
  • Oct : 14 : 2016 - Umwigeme yamenyekanye kubera afise amabere 3 yabonetse ariko arakwega abasore 4 nk’imbwa mwibarabara:amafoto
  • Oct : 14 : 2016 - Yiswe icihebe inyuma yo kwiyamiriza kuBurundi butova muri Sentare mpuzamakungu:amajwi

Umurwi wa Vital’o FC nkuko ariwo uza mukibanza cambere ngaha mugihugu cacu mumirwi igize igihugu haba mucicaro ca Mbere eka no mucicaro ca kabiri.

Murutonde rwimirwi yibihugu vyo muri Africa yose nkuko ingana nimirwi 349 muri iyo mirwi yose ikaba igizwe nimirwi itandukanye yo mubihugu bitandukanye vyo muri Africa, Umurwi waha muburundi ukaba uza mukibanza ca 94 mugihe uwo murwi wahora kumwanya wa 154.

Vital’ o FC rero ikaba igenda ivyifatamwo neza mukuduza amanoto mugihe ubu igeze kumanota agera kuri 124points aho nimugihe imirwi itanu yambere ariyo :

  1. Ali- Ahli  wo muri Egypte namanota 2445 points
  2. TP Mazembe wo muri  RDC namanota 1803 points
  3. Esperance Sportive de tunisie wo muri Tunisie namanota 1735 points
  4. Etoile Sportive de Sahel wo muri Tunisie namanota 1536 points
  5. Al Hilal  wo muri Africa yepfo namanota 1403 points

Iyo mirwi kwaritanu rero ikaba itigeze iva mukibanza yahoramwo ikaba itigeze imanuka canke ngo iduge ahubwo umwe wose muriyo 5 yagumye mukibanza cayo, aho naho umurwi wa Vital’o FC washoboye kuduga ibibanza bitari bike.

Umurwi wakabiri havuye vital’o haza umurwi wa Flambeau de l’ Est aho uza mukibanza ca 149 namanota 68 uwo murwi wowo ukaba warasubiye inyuma mugihe murutonde ruheruka wari kumwanya wa 121.

Kurundi rutonde rwimirwi yibihugu umurwi w’ Uburundi ukaba uza kumwanya udashimishije aho uza mukibanza kigira 132 namanota 290 points aho twobamenyesha ko uwo murwi w’ Uburundi wasubiye inyuma ibibanza 10 vyose.

burundi

ikibanza umurwi wu Burundi kirimwo kw’ Isi yose

Tukagirako tubibutsa ko uwo murwi wa Vital’o FC wamaze gutangura gukorana numumenyereza mushasha kumbure akaba azoshobora kubandanya ateza imbere uwo murwi ukaja imbere gusumba aho ugeze ubu.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane
Categories: Inkino, Muhira

Leave a Reply


Featured Video

Twitter updates