Ibibanza 10 abantu batarekuriwe kujamwo atarigihe bashaka kwiyahura

Kw’ isi hariro ibibanza bimwe bimwe vyabujijwe gutemberwamwo bivanye nuko ivyo bibanza birangwamwo ibishobora kubangamira ubuzima bwabantu ndetse nokubwumutekano wibihugu bimwe bimwe.

Ibi nivyo bice 10 vyabujijwe nibihugu  bitandukanye ko atamuntu azojayo ataruko yoba agiye kwiyahura canke akajayo aruko abifitiye uburenganzira gusa:

10. Niihau, United States

Iki nigice kiri mumazi ya Hawai aho iki gice abantu bava hanze yaco babujijwe kujayo, bivanye nabahaba ico gice reo kikaba kiboneka gusa mugihe izuba rimaze kurenga zikiyaga Kekaha ya Kauai, mugihe izuba ritararenga ukaba udashobora kubona ico gice kiri hagati mumazi.

Ico gice kikaba cegukira umuryango umwe gusa mumyaka 150 iheze abantu bava mubindi bice vyisi bakaba barabujijwe kujayo mugihe bobo babona ko arigice ciza bakiboneye hejuru mukirere.

9.  Dôme du Rocher, Jérusalem

Iki nikibanza cab’Islamu naba juifs kiri i jerusalem, iki kibanza kikaba kitabujijwe cane nkibindi bibanza kiretseko bavuga ko arikibanza cambere gihezagiwe cane kubemera baba juifs, kubisiramu naho kikaba arikibanza kiza kumwanya wa gatatu  gihezagiwe inyuma ya Maca hamwe na Medine.

Kuriki kibanza rero hakaba haramategeko akomeye cane kubaza kuhatemberera ariko hakaba hari ibice badashobora gushikmwo mugihe utari umwislamu.

8. Mezhgorye, Russia 

Iki nikibanza kiri mugihugu co mubu Russiya  akaba ari ikibanza kitagendwamwo numuntu uwariwe wese ndetse hakaba hari ikibanza kitarekuriwe kujamwo abanyagihugu basanzwe.

Mezhgorye ikaba ari mumisozi yubu Russiya kubirometero 120uvuye mugisagara ca Oufa umurwamukuru wa Repuburika  ya Bachkortostan washizweho mu 1979.

Ico kibanza rero kikaba gicungerewe nabasirikare buburusiya kuburyo atamunyagihugu canke umunyamahanga ahagera kumvo bavuga ko hoba hariyo ama misile akoreshwa muntambara hakabamwo nibinogo vyo kwinyegezamwo bizwi nka bunker mugihe cintambara, hakaba arinaho habitswe ubutunzi bwigihugu.

7. North Brother Island, United States

Iki  kikaba nigice ca New york muri America kikaba arikabanza cahoze kirimwo ibitalo imbere yintambara yisi ya 2  aho havururwa abarwayi bafise ingwara ya tuberculose, hamwe na  fièvre jaune aho caciye kiba ikibanza kitemerewe kujamwo abantu abaribo bose.

Munyuma ico ivyo bitaro vyakoreshejwe muguha uburaro abakukuruke inyuma yintambara y’ isi yakabiri, hanyuma bongera kuhavurira abarwayi ba héroïnomanes mumyaka ya 1960, ivyo bitaro vyaje kugara imiryango munyuma ishamba rirahakikuza ubu ico gice kikaba carugawe kubanyagihugu.

6. Surtsey Island, Iceland

Iki nikibanza kiri kumugabane wa Iceland kikaba arikibanza kirimwo ama volca kikaba ari kimwe mubutunzi bwa UNESCO k’ Isi.

Iki gice kikaba kiri kubirometero 32 gusa uvuye kunkengera ya Iceland  aho baciye bahahebera abashakashatsi batandukanye ariko nabo nyene bakaba babanza gutorwa nababijejwe kugira baje murako gace hakaba habayo udukoko tumwe tumwe ariko abantu bakaba barabujijwe kuja murako gace.

5. Tomb of Qin Shi Huang, China

Iki nikibanza gikomeye mugihugu cub’Ushinwa aho ico kibanza cuburwa aho abarwanyi ba Terra-Cotta à Xi’an, aho hatowe ibishushanyo bigerernywa nabasirikare baba chinwa mubinogo, ivyo bishushanya vyabasirikare baba chinwa bikaba vyashizweho nuwatwaye ubu chinwa ubwambere Qin Shi Huang.

Naho ico kibanza arikibanza kigenderwa cane nabamukerarugendo kikaba arikibanza gicungerewe kurwerwo rwo hejuru. murico kibanza rero hakaba herekanwa abasirikare bagera kuri 2000 gusa mugihe havurwa ko hoba harimwo ibishushanyo bigera kubihumbi 6000 hakaba arico gituma hacungerwa kurwego rukomeye.

4. Vatican Secret Archives, Vatican City

Vatican nikibanza kiri mubicunzwe cane kw’Isi ahanini hakaba hacunzwe kurwego rwohejuru ahabitswe ibitabo nindi bikoresho vyakoreshwa kera ndetse nivyubu bikaba bicunzwe bidasanzwe.

Nkuko bamwe bamwe babivuga bemeza ko aho hacunzwe cane ko hoba hanyegejweyo inguvu za madayimoni hamwe nizibigenda juru. Muriki gihe abantu barekuriwe kuja aho murubwo bubiko nababifitiye uruhusha gusa hamwe nabashakashatsi karuhariwe babirekuriwe nabnyene bakaba bajayo aruko babanje gusakwa bikomeye.

3. North Sentinel Island, India

Iki nikibanza canke agace kari mumazi kumugabane wubu hinde aho ababa muriki gice barahiye bararengwa ko badashaka kuvugana nabandi bantu bohanze yabo ko badashaka kuba mw’ Isi yiki gihe, bakaba baranamenyesheje ko bazokora igishoboka cose kugira ntihagire uwuzoza aho baba murako gace kabo.

Inyuma ya tsunami mumwaka 2004 abajejwe kugendura ivyononekaye niho bashakuja murako gace bagiyeyo nindege za kajugujugu ariko abanyagihugu baho bakaba bari bameze magabo bakarasa izo ndege nimyampi namacumu ntibashobora kuhashika. leta yubu hinde ikaba yankira buri muntu aho yoba aturuka ahariho hose kja gutera uruhagarara murako gace.

Abanyagihugu baho murako gace bakaba bamaze imyaka 60 000 ariho bibera bakaba batanateze kuhava.

2. Area 51, United States

Iki nikibanza kizwi nka zone 51 abantu benshi bemeje ko hashobora kuba hakorerwa ibintu abantu batazi bamwe bakavuga ko babona hajayo ibigendajuru ariko ubutegetsi bwa America bukemeza ko ari igice ca gisirikare kiri mubugararwa bwa Nevada bucunzwe mugupima indege nibirwanisho vyabo.

Iki kibanza rero kikaba gicunzwe kuburyo budasanzwe aho bashizeho ama mine hamwe nubuhinga bugezweho kuburyo utonahegera batarakubona  kuburyo kujayo kwoba arinkukwiyahura.

1.  Snake Island, Brazil

Iki kibanza kikaba arikimwe gitinyitse kw’Isi kikaba kiri mugihugu ca Bresil, kubirometoro 149 gusa uvuye kunkengera za Sao Paulo igisagara cambere kirimwo abantu benshi murico gihugu.

Ico kibanza rero kikaba kizwi kwizina rya “Snake Island” kikaba arigice kiri mumazi  kibamwo inzoka zikaze gusa kuburyo atamuntu yojayo. abashakashatsi bakaba bavuga kubera nabo batinya kujayo ko kubirenge gusa 10 haba hari inzoka kuva kuri 2 kugeza kuri zi 5, hakaba hazwi ko inzoka zambere zikaze ariho zibarizwa murako gace.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)