Itangwa ryibihembo vya “Prix Nobel” ryahagaritswe kubera ubusambanyi 

Itangwa ryibihembo vya  “Prix Nobel” ryahagaritswe muruyu mwaka kubera ubusambanyi bwibonekeje mubarongoye gutanga ubwo bushimwe.

Kumusi wejo niho abakenyezi bagera kuri 18 baja imbere yibimenyesha makuru vyo mugihugu ca Suede bashikiriza   ibirego barega uwitwa Arnault asanzwe yubatse akanaba numwe mubatanga ubwo bushimwe bwitiriwe  “Prix Nobel” akaba anarongoye ihuriro ryabanyamyuga “artistes”.

Iryo shirahamwe ryo mugihugu ca Suede rikaba riri mumazi abira inyuma yibirego abo bakenyzi bashikirije bakaba bamaze gutakaza abanyanyi atari bake kuva aho hamaze kugira hanze ihohoterwa ryabakenyezi.

Intureka zikaba zagabanutse mugihe umwandutsi ahoraho Sara Danius  atangiye imihoho kugirango ibikorwa bibandanye. Amategeko yiryo shirahamwe akaba atemerera  umwanditsi mukuru gutanga imihoho cokimwe no kubanyanyi bohejuru.

Itangwa ryimihoho rya Dnius rikaba ribaye iryambere mumyaka 230 iryo shirahamwe rimaze, hakaba hasigayemwo abakuriye abandi 11 gusa kandi kugira batore umukuru abakurira hategerezwa kuba hariho 12 bose nkuko amategeko abivuga.

Iryo shirahamwe ryo muri Suede rikaba ryashinzwe mumwaka wa 1786 kugira bateze imbere ururimi rwabo mugushiraho amategeko hamwe ningingo ngenderwako kugira bateze imbere ivyese hamwe nizindi mvugo mundimi zabo. Muriki kinjana giheze abanyanyi bakuru bakuru 18 baragerageje kuba mubanditsi hamwe no mubashoboye kwiga amashure meza cane, ariko kuba uturuka mumiryango ikize bikaba bitatuma ushobora kubinjiramwo utabikwiriye.

Kuva aho iri terambere riziye rya Internet hamwe nubungane kuri bose  iryo shirahamwe ryari ryagerageje kugumana ukwizerwa kwaryo hakaba harabayeho ukwirukanwa kwabamwe bari muriryo shirahamwe nka Gustaf Mauritz Armfelt akaba yari umuyobozi mukuru wa Royal Opera hamwe na  Royal Theatre ya Stockholm akaba yirukanwe incuro zibiri zose.

Izo ncuro zibiri yirukanywe zikaba zarimvo uguhirwa  bituma ahunga igihugu kumvo za politike ahandi akaba yirukanwe kubera yakoze amakosa mubijanye nubutunzi.

Hakaba harimwo abamaze gutanga imihoho mubagize inzego nkuru muriryo shirahamwe, kurubu rero bakaba bariko bararaba icokorwa babicishije mumategeko asanzwe yanditse banakurikize ingendo bari basanganywe.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)