Japan na Qatar munkino za Copa America 2019

Munkino zokumugabane wa America arizo Copa America kumusi  wejo hakaba haremejwe ko mwirushanwa rizoba mumwaka 2019 ko hazojamwo imirwi 12 aho naho hakazoba hiyongereyeko imirwi 2 ituruka kumugabane wa Asia ariyo Qatar hamwe nubuyapani.

CONMEBOL ikaba yamaze kuvyemeza kumugaragaro ko iyo mirwi ibiri izokwiyongerako muriryo rushanwa rizoba mumwaka uza nkabatumire bazoshobora guhiganirwa iryo rushanwa nkiyindi mirwi yo muri America.

Umurwi wigihugu ca Qatar kizokwakira inkino zisi zizoba mumwaka 2022 ukazoba urikumwe numurwi wa Bresil hamwe numurwi wa Argentine isanzwe arimirwi ikomeye cane naho umurwi wigihugu ca Japan ukazoba utumiwe kuncur yawo yambere kuva mumwaka wa 1999 mugihe utari watsindiye kuja murayo mahiganwa.

Mubisanzwe iryo higanwa ryo mumwaka wa 2019 hogiyemwo imirwi igera kuri 16 harimwo na Espagne hamwe na Portugal  ikinamwo Cristiano Ronaldo ariko kumusi wejo CONMEBOL ikaba yamenyesheje ko rizoba ihiganwa ryimirwi 12 gusa mugihe uko bitegekanyijwe kurubuga rwabo bitaremezwa neza.

Babandanyije basigura ko iryo higanwa ko rizoba ari ihiganwa ryinzobere ko buri murwi uwariw wose ushobora kwegukana iryo higanwa bikaba vyashikirijwe numuyobozi  Alejandro Dominguez arongoye CONMEBOL.

Muriyo mirwi rero yibihugu 10 bakaba ari abagize urunani mubijanye ninkino  bakaba banashimira cane kukwitaba kwigihugu cubuyapani bivuye kubugenzi bafitanye, nocuncuro yambere igihugu ca Qatar kizoba kigiye murizo nkino.

Mukaba muzi ko mumwaka igihugu ca Chili catwaye iryo rushanwa rya Copa America mugutsinda umurwi wi gihugu ca  Argentine murukino rwanyuma muguteramwizamu 2015-2016.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)