Vyinshi utamenye kurupapuro rw’ umutsindo Pierre-Claver Mbonimpa yahawe ” Doctor Honoris Causa”

Kumusi wakane uheze igenekerezo rya 3 rusama niho uwahoze arongoye ikigo “APRODH” muburundi  Pierre-Claver Mbonimpa yahabwa urupapuro rudasanzwe ruzwi kwizina rya ” Doctor Honoris Causa” risobanuro Icubahiro

Pierre-Claver Mbonimpa

Urwo rupapuro rwumutsindo rukaba ruhabwa abantu mukubashimira muvyo bamaze kugerako, urwo rupapuro rwumutsindo rukaba rudasaba kuba wararonse urupapuro rwumutsindo rubanziriza urwo nkuko dusanzwe tubizi, ruzwi nka “licence” canke “bachelor”, urwo rupapuro rwumutsindo yahawe rukaba ruhabwa ubushobozi bungana nubwurupapuro tuzi rwa doctora kubaziciriye mumashure yabo.

Mumajambo make ijambo  “Doctor Honoris Causa” rikaba ari ijambo ryikiratini  “Honoris Causa rikurikirwa kenshi nijambo ” teacher canke ” doctor” risobanura ” Icubahiro”, Pierre-Claver Mbonimpa akaba numwe mubasanzwe batavuga rumwe nubutegetsi bw’ i Bujumbura akaba yahawe urwo rupapuro nama kaminuza  abiri yo mugihugu cubu Birigi  azwi kumazina nka ” VUB” Vrije Universiteit Brussel iza kumwanya ugira wi 255 kw’ Isi mubijanye ninyigisho zamakaminuza, ikaza kumwanya wa 6 murico gihugu.

Hamwe na kaminuza yigenga yo mububirigi  inzwi nka “Université Libre de Bruxelles” iza kumwanya wi 175 kw’Isi muvyinyigisho,ikaba iza kumwanya ugira 3 murico gihugu.

Urwo rupapuro yahawe akaba azorukoresha nkumuntu yamaze guheza amashure yiwe munyigisho zisanzwe.

Imvo nyamukuru rero yatumye ahabwa urwo rupapuro rusanzwe ruhabwa abashakashatsi batandukanye bo kw’isi nibikorwa yashitseko nkuko vyagiye biravurwa mubinyamakuru bitandukanye vyo hanze yigihugu.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)