Abantu 12 bahitanywe niki bombe muri Afghanistani mugitero cabihevyi

Igitero mubuseruko wa Afghanistani mumusigiti cahitanye abantu bagera kuri 12 bose abahakomerekeye bakaba bagera kuri 33, uwo musigiti ukaba wafasha mukwiyandikisha kwabanyagihugu bazotora mumatora bikaba vyamenyeshejwe nababijejwe.

Habib Shah Ansari umukuri wintaya yubuvuzi akaba yamaze gutangaza ko ico gitero cabereye mugisagara ca Khost umurwa mukuru wico gisagara nyene Khost.

Akaba atanumwe arimeza ko ariwe yakoze ico gitero, ariko aba talibans hamwe nabandi bafashanya bakaba bamiriye kure ayo matara ya demokarasi bakaba bari baranavyiyamirije muri kahise.ISI ikaba itazwi kuba iri murico gisagara ca Khost ariko bakaba bagiye bumvikana mubindi bikorwa bitandukanye muriyi myaka iheze.

Mukwezi guheze umwe mubarwanyi ba leta yaba Islamique akaba yarateye inyubako yamatora muri Kaboul ahitana abantu bagera kuri 60 abagera kuri 130 barahakomerekera. 

Ico gihugu rero niho cari kigitangura gutegura amatora azoba mukwezi kwa cumi uyumwaka kuva mumwaka 2014, kuva muntango zuyu mwaka aba Talibans hamwe naba EL bakaba bamaze kugaba ibitero vyinshi ahantu hatandukanye bihitana abantu batari bake murico gisagara ca Kaboul.

Ingabo zijejwe umutekano muri Afghanistani bakaba baratanguye kurwanya abo bansi kuva aho Leta zunzubumwe za America hamwe na Otan bafashanya kurwanya abo bihevyi mumwaka wa 2014 mugikorwa co kurwanya abihevyi.

Mukindi gice co muri Afghanistani imodokari yaritwaye abadandaji bakaba baciye kugisasu muntara ya Faryab muburaruko bwa Afghanistani 7 muribo bakaba baciye bitaba Imana.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)