Gukumirwa bikomeye cane muri Miss Burundi 2018

Mugikorwa co gutegura irushanwa ryaba miss Burundi haribonekezamwo gukumirwa kwabigeme bamwe bamwe nutunenge tutari duke benshi bipfuza kumenya mubijanye no gutegura iryo rushanwa.

Nkuko tubizi mugutegura iryo rushanwa ryabanyampinga ngaha iwacu hari ingendo nyinshi bisaba kugira ibice vyose vyomugihugu biserukirwe ariko muriki gihe akaba atariko bikimeze.

Muri Miss Burundi 2018 hibonekezamwo utunenge tutari duke, ariko ivyo naho biruko ihiganwa rikabandanya naho impande zose ziba zitaserukiwe. Kwigenekerezo rya 30 ndamukiza niho kurubuga Instagram rwa Miss Burundi bashira kumugaragaro urutonde rwabazohiganwa mugice canyuma muriryo higanwa rya Miss Burundi bitangajwe nababijejwe.

Murutonde rwabazohiganwa hakaba harimwo ibice bimwe bimwe vyo mugihugu bitaserukiwe aho twovuga nkintara ya Cibitoke, Muyinga, Muramvya na Ruyigi mugihe izo ntara zishobora guserukirwa nabamwe bamwe mubigeme bazigize.

Igitera amakenga cane muriri rushanwa rya miss burundi 2018 nikibazo co kudashika murizo ntara kugira nabigeme baho bashobore kwiyandikisha nkabandi, nkuko biri kurubuga rwabo rwa Instagram bagendeye ibice 3 gusa vyo mugihugu ivyo navyo bikaba ari:

  • Ngozi kwigenekerezo rya 28,29  ntwarante
  • Gitega igenekerezo rya 30,31 ntwarante
  • Bujumbura igenekerezo 10 ndamukiza 

Ibi bikaba bikumira abigeme bamwe bamwe bomurivyo bice badashikamwo, muntara zitandukanye zigihugu, ibibazo umuntu yokwibaza bikaba ari vyinshi cane nkuko ataritwe gusa tuvyibaza:

  1. Mbega boba babura uburyo bwo gushika murizo ntara kandi hariho amashirahamwe abafasha canke boba batabishiramwo ugushaka numwete mugikorwa biyemeje?
  2. Hoba habura iki kugira bashobore gutegura ico gikorwa neza kugira abigeme bafise impano bomurizo ntara badashikamwo nabo bahatorere akoyoko?

Ibi bikaba vyibonekeza cane mugihe bashikirije ko hiyandikishije abigeme bagera kuri 41 ariko hakaba haje abagera kuri 35 gusa, nkuko twagerageje kuraba kurubuga rwabo rwa www.missburundi.bi kugira tumenye amazina yabo bose bari biyandikishije ukwo ari 41 bikaba bitadukundiye ko turushikako aho nimugihe batwereka ko urwo rubuga rufise ikibazo.

.

Ibi vyose vyo kudashobora kugera mubice vyose bigize igihugu bikaba bije kwiyongera kumakenga benshi bamaranye igihe kuva aho herekaniwe Imodokari izohabwa miss Burundi 2018 ko yoba arimodokari yakoze atari nshasha nkuko bamwe babivuga nuko yabonetse kuma photo mugihe bayerekana.

Ushobora gutanga iciyumviro cawe cukwo abategura iryo rushanwa bobigenza nukwo bokwitwara kugira abigeme bose bomuntara zose gigize i Gihugu bashobore kwishira no kwizana mukwiyandikisha kukubereka ko bafashwe mumugongo bose.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)