Tanzania,Burundi,Rwanda bapfishije abantu benshi cane kubera imvura nyinshi imaze imisi

Imvura imaze imisi irwa mumpande zose za Africa yubuseruko imaze imisi yonona ibintu bitari bike aho tumaze imisi tubibona murizo mpande zose.

1.Tanzania

Iyo mvura ikaba yatanguye kurwa kubwinshi mugihugu kibanyi ca Tanzaniya kwigenekerezo rya 16 ndamukiza aho yononye ibitari bike nabantu bahasiga ubuzima mugisagara ca Dar es Salaam. Iyo mvura rero ikaba yarasize abantu mubwigunge butagira uko bumeze amazu arabomoka ibintu vyinshi mumazu biratwagwa, ihitana nabantu bagera kwi 9, iyo mvura ikaba yabomoye amazu agera 203 mugisagara ca dodoma, abantu bagera kuri 548 bararonderewe aho bimurirwa,mugisagara ca Dar es Salaam inzu zigera kuri 40 hamwe nubwiherero 21 vyaratwawe niyo mvura, inzu zigera kuri 342 zirasinzikazwa bikomeye niyo mvura.

Abantu bagera ku 2151 bakaba batagira aho bakika umusaya kubera iyo mvura yaguye kuva igenekereza rya 12-18 ndamukiza uyumwaka turimwo.

Umukuru arongoye ico gisagara bwana Paul Makonda akaba yarasavye amashure ko boyugara murico gihe kugira iyomvura ntibandanye ihitana abana bagiye kumashure murico gisagara kibamwo abantu bagera ku milliyoni 5 muriki gihe.

Iyo mvura yaguye kubwinshi cane ikaba yarahagaritse ibikorwa vyinshi murico gihugu amamodokari ntiyarakirengana mumabarabara ya Dar es Salaam, indege zarahagaritswe ikiringo gito kubera amazi yari yuzuye kukibuga cindege.

2. Burundi

Kwigenekerezo rya 28 ndamukiza Iyo mvura yarabandanije irashika nongaha mugihugu iwacu aho yabiciye biracika abantu barabura ayo bacira nayo bamira aho iyo mvura yihaye inkumbi ihitana abantu bagera kuri 4 harimwo abana bari bavuye kumashure, amazu aratwarwa ibikoresho vyomunzu biratwarwa amabaraba amwamwe ntiyarengana.

Iyo mvura ikaba yasize abanyagihugu batagira aho bakika umusaya bagera 2576 abagera kuri 1900 akaba ari abana bato bato nkuko abajejwe gutabara babimenyeshe, aho nimugihe haheruka kurwa imvura nyinshi kwi genekerezo rya 16 ntwarante ihitana abantu bagera kuri 6 abandi 3 barahakomerekera mugice giherereye kuruzi rwa Gasenyi mugisagara ca bujumbura.

Aha rero mugisagara amazu atari make mubice vyegereye ikiyaga Tanganyika bikaba arivyo vyahasinzikariye cane hamwe nigice co muburaruko bwigisaga arico carama. imvura imaze imisi irwa ngaha iwacu kuva mukwezi kwa gatatu ikaba imaze gusiga mukangaratete imiryango itari mike.

Aha mugihugu rero nkuko babitangaje kwigenekerezo rya 30 ndamukiza iyo mvura yarabomoye burundu inzu zigera kuri 325 izigera kuri 186 zirasinzikara bikomeye hamwe nizindi 416 zakozweko niyo mvura ariko atari cane.

Kuva mukwezi kwa nzero kugeza mukwezi kwa ndamukiza iyo mvura ikaba yasize mukangaratete abantu bagera ku 12 000 bakaba barakozweko niyo mvura nyinshi imaze imisi igwa.

3. Rwanda

Mugihugu kibanyi c’ Urwanda naho iyo mvura ikaba yarashitse kubwinshi aho naho nyene yihaye inkumbi ihitana abantu batari bake bagera kuri 18  abantu 7 bakaba bitavye Imana muburengero bw’ Urwanda, 8 mugisagara ca Kigali abandi 3 mugace ka gatsibo.

Iyo mvura rero ikaba yarononye iranasenyura amazu atari make murico gihugu aho yasenyuye amazu agera kuri 79 atwara nimirima ingana na hectares 56 nkuko vyavuzwe mumushikiranganji abijejwe kwi genekerezo rya 23 ndamukiza.

Imvura rero imaze imisi irwa murico gihugu kuva mukwezi kwa nzero kugeza mukwezi kwa ndamukiza imaze guhitana abantu bagera kuri 51 murico gihugu aho hakaba harimwo na 16 bakubiswe ninkuba murusengero mukwezi kwa Ntwarante nkuko umushikiranganji yabandanyije abisobanura.

Iyi mvura rero ikaba yarateje uruhagarara mukirere c’Urwanda aho muri misi iheze indege 3 z’ Urwanda vyanse ko zururuka kukibuga c’ indege ca Kanombe maze bazirungika kuza kukibuga c’ indege ca bujumbura bivanye nikirere kibi nkuko amategeko mpuza makungu abivuga. Murico gihigu kibanyi rero abantu bagera ku 25 000 bakaba barakozweko niyo mvura nyinshi yahaguye, 4 750 bava mumazu agera kuri 950 ko bakozweko nubwo bwinshi bwimvura, abagera kuri 950 batagira aho bakika umusaya bakaba barahawe aho baba barabaye.


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)