Umurwi Overdo bashize hanze indirimbo yabo Abami b’ Umudiho Video

Umurwi Overdo barashize amasanamu yindirimbo yabo hanze bise Abami b’ Umudiho inyuma yo gushira hanze iyo ndirimbo muburyo bwamajwi.

Umurwi Overdo usanzwe urongowe numukuru wawo ariwe Simbarakiye  Eric mumazina yahawe nabavyeyi benshi bazi kwizina rya Snowcay canke snow Besso nkuko kurubuga rwiwe rwa Facebook ruvyerekana akaba yari yatangaje mumisi iheze ko bariko barategura amasanamu yiyo ndirimbo abami b’ umudiho.

Ayo masanamu akaba yagiye hanze kurubuga rwabo rwa youtube “Overdo Team” inyuma yaho ashikirije ko baza kuyishira hanze kumugoroba wo kumusi wagatanu, benshi mubakunzi babo bakaba bari bayiteganye igishika abandi bakaba baranavyerekanye mukubashimira kurubuga rwa youtube muma comment bagiye bandikako.

Twobibutsa kandi ko uwo murwi wahora ugizwe nabaririmvyi bagera kuri 4 ariko munyuma umwe muribo muzi nka Stikk El Negro akaba yaritandukanyije nabo inyuma yo kwakira agakiza, ubu bakaba basiaye ari abaririmvyi 3 gusa akaba aribo Snow cay, N-T Kadhafi hamwe na Driver.

Ayo masanamu rero akaba yabonetsemwo urwaruka amaraso agishushe  bakavyina iyo ndirimbo birekuye mugihe co gukora ayo masanamu yiyo ndirimbo abami b’ umudiho. Abo basore rero bakaba bamenyesha kandi ko hari nibindi bikorwa bariko barakora ko bazobandanya baha abakunzi babo ivyo babemereye.

Raba hano indirimbo Abami b;Umudiho


Sangira amakuru n'abagenzwe bikoroheye cane

You may also like...

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Social media & sharing icons powered by UltimatelySocial

Enjoy this blog? Please spread the word :)